Abashingamateka ba Sudani bashigikiye Bashir ku kiringo ca gatatu

Abashingamateka bo mu gihugu ca Sudani bashigikiye ihinyanyugwa ry'ibwirizwa shingiro ngo bifashe Perezida Omar al-Bashir kugwanira ikibanza c'umukuru w'igihugu ku kiringo ca gatatu mu matora yo mu 2020.

Kiretse ibwirizwa shingiro rihindutse, nayo ahandi Bwana Bashir ari mu mabanga inyuma yo guhirika ubutegetsi mu 1989, ntashobora gusubira kwitoza - mu gihe politike y'ibiringo bibiri yatangujwe mu 2005.

Umukuru w'inama nshimgamateka Ibrahim Ahmed Omar yavuze ko yaronse ikete riteweko umukono n'abashingamateka benshi, bashigikira uguhinyanyura iryo bwirizwa mu ntumbero yo kwongera ikiringo.

Yavuze ko ryavuye mu migambwe 33 iserukira abashingamateka 294.

Yabwiye itororokanirizo ry'amakuru Reuters ati: "Nzokwubahiriza ibwirizwa shingiro n'amategeko kugira ngo tuvugane ivyerekeye iryo hinyanyura mu nama nshingamateka, munyuma ishobore gufata ingingo."

Mu bigiye guhindugwa mw'ibwirizwa shingiro nuko umukuru w'igihugu azohabwa ububasha bwo guhagarika mu mabanga ba buramatari batowe.

Bwana Bashir akurikiranwa na Sentare Mpuzamakungu Mpanavyaha (CPI) ku vyaha aregwa vy'ingwano n'ivya jenoside mu ntara ya Darfur iri mu burengero bw'igihugu.

Arahakana ivyo birego.

Mu 2016 yari yabwiye BBC ko azotanga imihoho mu 2020.

Ku bwa Reuters, guhindura ibwirizwa shingiro bisabwa n'umukuru w'igihugu canke n'ikete ryo kubisaba riteweko umukono nimiburiburi ica gatatu c'abagize inama nshingamateka.