Erdogan asaba Arabie Saoudite guha Turukiya abikekwa mu rupfu rwa Khashoggi

Perezida wa Turukiya Recep Tayyip Erdogan yasavye ubutegetsi bwa Arabie Saoudite gutanga abiketswe mu rupfu rw'umwanditsi Jamal Khashoggi.

Avugira mu nama ya G20 - ibihugu 20 vya mbere bitunze kw'isi - yabera muri Argentine, yavuze ko urupfu rwa Khashoggi rutavuzwe mu biganiro, ko umushikiranganji wa mbere wa Canada Justin Trudeau wenyene ariwe yavuze ivy'ico kibazo.

Ubutegetsi bwa Arabie Saoudite bwagirije abantu 11 ko aribo bari inyuma y'urwo rupfu, ariko ntiburigera buvuga ko bwoba bwiteguye kubarungika muri Turukiya aho bociribwa urubanza.

Burahakana ko igikomangoma Mohammed bin Salman yoba afise uruhara muri ubwo bwicanyi.

Umumenyeshamakuru Jamal Khashoggi yiciwe mu biro vy'ubuserukizi bwa Arabie Saoudite biri i Istanbul mu kwezi kwa Cumi.

Perezida Donald Trump yarahakanye ibivugwa n'ibinyamakuru vyo muri Amerika ko CIA izi neza ko ubwo mbwicanyi bwategerezwa kuba bwemejwe n'igikomangoma Mohammed.

Hagataho umushikiranganji w'imigenderanire ya Amerika Mike Pompeo, yabwiye itororokanirizo ry'amakuru CNN ko yabonye amabanga yose Amerika ifise ku bijanye n'urwo rupfu, ariko ko ata na kimwe cemeza ko igikomangoma Mohammed yarugizemwo uruhara.

Jamal Khashoggi yari umuntu ki?

Yari umumenyeshamakuru w'imena yakoze ku madosiye akomakomeye arimwo igitero c'aba Soviets muri Afuganistani n'iduga rya Osama Bin Laden, mu binyamakuru vyinshi vyo muri Arabie Saoudite.

Yaramaze imyaka mirongo acuditse n'ingoma ya cami ya Arabie Saoudite, araba n'umuhanuzi wa leta.

Munyuma ntiyabaye acumvikana n'ubutegetsi bwa Saudi, aca ahungira muri Amerika mu mwaka uheze.

Ari muri ico gihugu, yaranditse amakuru menshi mu kinyamakuru Washington Post, anebagura uburongozi bw'igikomangoma Mohammed bin Salman.