Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
OMS ivuga ko igitigiri c'abana bandura Ebola kiguma ciyongera muri RD Congo
Igitigiri kidasanzwe c'abana caranduye umugera wa Ebola mu buseruko bwa RD Congo muri iyi misi ya vuba, nk'uko bivugwa n'ishami rya Onu rijejwe amagara y'abantu kw'isi.
Mu biharuro bishasha, OMS ivuga ko mu bantu 36 basanganye iyo ngwara muri iyi ndwi, indwi zari inzoya n'abana bari musi y'imyaka ibiri.
Vyibazwa ko abavyeyi bashobora kuba banduza abana biciye mu maberebere.
Iryo shami rya Onu rijejwe amagara y'abantu kw'isi rivuga ko ritewe umutima uhagaze ko ibigo vy'ubuvuzi bitazwi biriko birafasha gukwiragiza iyo ngwara kubera ata buryo bafise bwo kuyigwanya, aho hamwe hamwe bagikoresha urushinge incuro irenga imwe.
Abantu amajana abiri na mirongo icenda ni bo boba bamaze gupfa mu kiza kitari bwigere kiboneka muri RD Congo.