Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
HCR ivuga ko impunzi zirenga ibihumbi 50 zatahutse mu Burundi muri uno mwaka
Ishami rya ONU rijejwe impunzi, HCR, rivuga ko muri uno mwaka gusa impunzi ibihumbi mirongo itanu z'Abarundi zatahutse mu gihugu cazo.
Abatahuka bava cane cane mu nkambi za Nduta na Mtendeli mu gihugu ca Tanzania.
Muri aya mezi aheze ariko harabaye imyidogo mu mpunzi ko zishirwako igitsure kugira zitahe.
Mu bihumbi amajana vy'Abarundi bahungiye mu bihugu bibanyi muri iyi myaka ya vuba, Tanzania niyo iharugwamwo benshi cane, barenga ibihumbi amajana abiri.
Catherine Wiesner, umuyobizi mpuzabikorwa wa HCR mu karere, yavuganye na Prudent Nsengiyumva wa BBC Gahuzamiryango
Uretse abava muri Tanzania, Catherine Wiesner avuga ko hari abandi Barundi amajana HCR yafashije gutahuka bava mu bindi bihugu vy'akarere.