Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Burundi: Impunzi 18 zishwe n'igipolisi muri RD Congo
Ubutegetsi bwamenyesheje ko niburiburi impunzi 18 zapfuye zirashwe n'abajejwe umutekano, mu buseruko bwa Repubulika iharanira Intwaro rusangi ya Congo (RD Congo).
Buvuga ko abandi benshi bakomeretse igihe igipolisi n'abasirikare bugurururiye umuriro ku mpunzi zari mu myiyerekano, ziyamiriza umugambi wo kuzitahukana.
Abarundi baharugwa mu bihumbi barahunze igihe hadukiye ubwicanyi mu 2015, inyuma yaho Prezida Pierre Nkurunziza afatiye ingingo yo kurongora igihugu ku kiringo ca gatatu.
Ubutegetsi bw'i Burundi buvuga ko hari umutekano muri kino gihe, ko impunzi zari zikwiye gutaha.