Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umushikiranganji wa Danemark Ulla Tornaes amenyesha ko bahagaritse imfashanyo yahabwa Tanzaniya
Umushikiranganji umwe wa Danemark yavuze ko ico gihugu cahagaritse imfashanyo y'imiliyoni 9.8 z'amadolari yari agenewe igihugu ca Tanzaniya inyuma yaho umutegetsi akomeye ashikiririje "amajambo y'urwanko".
Umushiranganji ajejwe iterambere Ulla Tornaes ntiyavuze uwo mutegetsi uwo ari we, ariko yavuze ko "atewe umutima uhagaze" n'ivyavuzwe.
Mu kwezi guheze, Paul Makonda, arongoye umugwa mukuru w'ubudandaji wa Dar Es Salaam, yahamagariye abanyagihugu gutanga inkuru ku gipolisi ku muntu wese biketse ko ahuza igitsina n'uwo bagisangiye.
Yavuze ko ashobora kuzoshiraho umugwi ujejwe gukurikirana abahuza ibitsina babisangiye.
Ariko mu nyuma leta yaritandukanije n'ivyo yashikirije, ivuga ko "yariko gusa ashikiriza ivyiyumviro vyiwe", ko atari politike y'igihugu.
Guhuza ibitsinda ku babisangiye ntibirekuwe n'amategeko muri Tanzaniya, bikaba bihanishwa umunyororo w'imyaka 30.
Igihugu ca Danemark ni ica kabiri giha imfashanyo nyinshi igihugu ca Tanzaniya.
Ubutegetsi bwa Tanzaniya ntaco bwari bwashikirize kuri iyo ngingo y'igihugu ca Danemark.
Ikibazo c'abantu baja mu mibonano y'abasangiye igitsina kiravugwa cane mu gihugu, kuva igihe Perezida John Magufuli atorewe mu 2015.
Amavuriro avugwa ko ashigikiye imibonano y'abasangiye igitsina aramaze kwugagwa mu muji wa Dar es Salam, bituma abantu bari muri uwo mugwi babaho binyegeje.