Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Nyuma y'umwaka Robert Mugabe akuwe, leta ya Zimbabwe ivuga imbere ko hasa neza mu vy'ubutunzi
Leta ya Zimbabwe yashikirije icegeranyo gitanga icizere mu bijanye no kunagura ubutunzi bw'ico gihugu, nyuma y'umwaka umwe Robert Mugabe akuwe ku butegetsi.
Aho yavugana na BBC, umushikiranganji ajejwe kumenyesha amakuru, Monica Mutsvangwa, yavuze ko leta iriko irarwanya ba kaboko karekare anemanga ko hari vyinshi bitagenze neza muri kahise.
Ico gihugu cahuye n'ibibazo bikomeye vy'ubutunzi: ifaranga ryarakoretse bimwe birenze urugero, bituma igiciro c'ibifungurwa vyinshi vya nkenerwa kiduga cane.
Uwahoze ari icegera ca bwana Mugabe, Prezida Emmerson Mnangangwa, ari mu gikorwa yise umutwaro uremereye co kunagura ubutunzi bw'igihugu.
Ariko hari impungenge z'uko umugambwe uri ku butegetsi ZANU PF uzohava unanirwa kunagura ubutunzi bw'ico gihugu bwashegeshwe, ihagarike gukumirwa n'amakungu.
Umuhanuzi muri leta, Ashok Chakravarti, yavuze ko ikintu nyamukuru mu kunagura ubutunzi ari kugabanya amafaranga y'umurengera leta ikoresha.