Umushikiranganji wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu atangaza ko aba Bedouin ba Khan al-Ahmar bagiye kwimurwa

Ministre wa mbere wa Israel yongeye kuvuga ko aba Bedouin ba Khan al-Ahmar bazokwimurwa n'ubwo imbere vyari vyavuzwe ko batazokomwakomwa.

Ubwa mbere ibiro vya ministre wa mbere Benjamin Netanyahu vyari vyamenyesheje ko hari umugambi wo kuvugana izindi nyishu n'ababa mu kigwati ca Khan al-Ahmar.

Ariko Netanyahu yashimitse avuga ko ababa muri ico kigwati bategerezwa kwimurwa kandi ko yizigiye ko ubu vuba azoronka uruhusha rwa leta yiwe.

Imbere y'aho umuvugizi w'umunyepalestina (Walid Assaf) yari yemenyesheje ko imyiyerekano yo kwanka kuva muri ico kigwati izobandanya.

Abaharanira ageteka ka zina muntu bavuga ko kubimura ku nguvu babajana ahandi bizoba biciye ku biri n'amategeko mpuzamakungu.