Imbwa yamaze iminsi 80 irindiriye inabuja mu kibanza yapfiriyemwo mu Bushinwa

Imbwa yakunda cane inabuja yamurindiriye ku kiringo c'iminsi 80 kw'ibarabara ricako imiduga myinshi aho yapfiriye, ivyo bikaba vyakoze ku mitima y'abanyagihugu ku mbuga ngurukanabumenyi mu Bushinwa.

Amashusho ya videwo y'ico gikoko kiri mw'ibarabara ry'ahitwa Hohhot muri Mongolie yo mu gihugu hagati, yarabwe incuro imiliyoni 1.4 ku mbuga hwaniro ikundwa cane, Sina Weibo.

Imbuga y'Ubushinwa ku vy'ama videwo Pear Video ivuga ko iyo mbwa yaboneka mw'iryo barabara iminsi yose, kuva igihe inabuja apfiriye ku tariki 21 Ukwezi kw'umunani.

Umuntu agendesha tagisi yavuze ko abantu bagerageza kuyifasha, ariko igaca yiruka.

"Abatwara imiduga baraha kenshi indya nke iyo mbwa, ariko iyo dusohotse yaca yiruka," niko yavuze.

"Imigenderanire ya inabuja n'iyo mbwa yari ikomeye cane. Inyuma yaho uwo mugore apfiriye, iyo mbwa yagumye aho icunze.

"Iminsi yose yaba iri mw'ibarabara, nama nayibonye. Imigenderanire hagati y'umuntu n'imbwa n'iy'ukuri."

Iyo videwo yafashwe itariki 10 Ukwezi kwa 11 ariko gushika ubu iracahererekanwa ku mbuga Sina Weibo, imbuga hwaniro ikoreshwa nka Twitter na Facebook mu Bushinwa, abayikoresha baguma bavuga ingene iyo mbwa yabaye bwome kuri inabuja.

Hari umuntu yagize ati: "Kano kabwa gato karubaha. Twarigeze kuba dufise imbwa, iminsi yose yaraza kundindira mu gace nigako."

Uwundi muntu aja kuri uwo murongo ababajwe n'imibereho y'ako kabwa.

"Birateye ubwoba kubona ako kabwa gahagarara hagati mw'ibarabara. Nizeye ko hari abantu b'umutima bazoja kukarera, kagatunganigwa," niko yavuze.

Ariko ino siyo mbwa ya mbere ikoze ku mitima y'abantu baja ku mbuga hwaniro mu Bushinwa.

Mu ntango y'uno mwaka, abakoresha imbuga hwaniro ya Pear Video ntibategeye ingene imbwa ikuze cane, Xiongxiong, yashobora kurindirira nyeneyo ku gituro c'itereni ava ku kazi atashe.

Mu Buyapani, imbwa Hachiko the Akita yaravuzwe cane mu myaka y'i 1920, mu kuza gusanganira iminsi yose sebuja ku gituro c'itereni. Yabandanije igira urwo rugendo n'inyuma yaho apfiriye ku kiringo c'imyaka icenda.