Umushingamateka wa Uganda Bobi Wine yasubiye kuremesha igiteramo inyuma yaho afatiwe

Umuririmvyi akomeye akongera akaba n'umushingamateka atavuga rumwe n'ubutegetsi bwa Uganda, Bobi Wine yaremesheje igiteramo ubwa mbere kuva igihe yagirijwe guhemukira igihugu akagirako agapfungwa.

Hari abapolisi benshi mu kibanza yaririmbiyemwo, ivyo bikaba vyarekuwe bitewe nuko kitari igikorane ca politike.

Bobi Wine yavuze ko yahohotewe agakubitwa igihe yarapfunzwe mu kwezi kw'umunani, ubutegetsi bukaba bwarabihakanye.

Kubona akundwa cane n'urwaruka rwo muri Uganda, bihungabanya Perezida Yoweri Museveni mu vya politike.

Benshi mu bari bitavye ico giteramo bari bambaye impuzu zitukura, ibara ry'umuhari wiwe wa politike 'people power'.

"Ndashimiye igipolisi ca Uganda kukuba cadukomereje umutekano ntikituzibire nkuko cahora kibikora," niko uwo muririmvyi yabwiye isinzi ry'abantu ryamwitavye, nkuko bivugwa na AFP.

"Turi abanyamahoro ariko turipfuza kandi ko batwumviriza."

Uwo mushingamateka w'imyaka 36, izina ry'amavuko ari Robert Kyagulanyi, yatsindiye intebe y'ubushingamateka yitoje ku giti ciwe mu matora yo gusubirira yatunganijwe mu ntara y'amatora ya Kyadondo East, muri Uganda ya hagati.

Mu kwezi kw'umunani we n'abandi banyepolitike 30 bagirijwe guhemukira igihugu, inyuma yaho imwe mu modoka zari ziherekeje umukuru w'igihugu iterewe amabuye mu myiyamamazo.

Yavuye mu gihugu ca Uganda aja kwivuriza muri Amerika ibiguma yavuga ko yakuye mw'ibohero, munyuma agaruka mu kwezi kw'icenda.

Bitatu vya kane vy'abanyagihugu ba Uganda bagizwe n'abantu bafise imyaka iri munsi ya 35.

Bobi Wine asa nuko ariwe aserukira urwaruka rushavujwe no kubura akazi hamwe na politike zidahinduka, niko abanyamakuru bahagarariye ibigo bitandukanye bavuga.

Bobi Wine yavutse imyaka ine imbere yuko Bwana Museveni aja ku butegetsi ubwa mbere mu 1986, akaba aguma amusaba ngo aje mu karuhuko k'iza bukuru mu matora yo mu 2021.

Uwo musore yiyita "ghetto president" ntaratangaza ko yipfuza kugwanira ikibanza c'umukuru w'igihugu.