Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umugwi ujejwe ukuri no kurekuriranira mu Burundi, CVR, wongejwe ikiringo c'itohoza gushika igihe c'igikoroni
Kiretse kwongerwa ikiringo c'imyaka ine yo guheraheza igikorwa urumwo, umugwi ujejwe ukuri no kurekuriranire mu Burundi, CVR, wanahawe igikorwa co gutohoza ku vyaba mu gihe c'ubukoroni.
Uwo mugwi ubu ufise ububasha bwo kwumviriza ivyabona ku mabi yabaye mu Burundi kuva mu 1885, igihe haba inama y'i Berlin mu Budage aho ibihugu vya Buraya vygabangana Afrika.
Umwo mugwi uheruka guhabwa ubwo bubasha n'inama nshingamateka, ukaba mu bisanzwe wari urekuriwe gutohoza ku vyabaye kuva u Burundi bwikukira mu 1962.
BBC yavuganye n'umukuru wa CVR, Musenyeri Jean Louis Nahima asigura ico bagiye gukora.