Umukandida Jair Bolsonaro wa 'Extrême droite' yatsinze amatora muri Brezili

Umunyepolitike wo mu mugambwe wa 'Extrême droite' (abafise ibitekerezo vy'ubuhezanguni) yatsinze amatora y'umukuru w'igihugu muri Brezili.

Uwo yahoze ari umukapitene mu gisirikare yaronse amajwi 55.2% kuri 44.8% vya Fernando Haddad wo mu mugambwe w'abakozi.

Bolsonaro yiyemeje kugwanya ubwicanyi, igiturire kimaze imisi kivugwa muri ico gihugu kikaba catumye aronka abantu benshi bamushigikira.

Ariko ubucuti bafitaniye n'igisirikare burateye umutima uhagaze abo batavuga rumwe, co kimwe n'ivyo yagiye arashikiriza ku rukoba, abapfasoni n'abagendana basangiye igitsina igihe yariko ariyamamaza.

Bolsonaro yaravuze ko ashima ivyo ubutegetsi bw'igitugu bwaranguye. Muri kimwe yavuze mu 2015 yabwiye mugenzi we mu kwubahiriza amategeko ko ari mubi ku buryo atawomufata ku nguvu.

Ku bamushigikiye, n'ubunyepolitike bavuga ko azohindura vyinshi mu bikenewe muri ico gihugu.

Iyo ntsinzi isigura iki?

Intsinzi ya Bolsonaro yerekana ingene demakrasi yo muri ico gihugu co Amerika y'epfo igiye mu minwe y'aba 'Extreme droite', igihugu catwawe n'umugambwe w'abakozi PT hagati ya 2003 gushika mu 2016.

Mu myaka ibiri iheze, ico gihugu cari kirongowe n'amu 'conservateurs', Michel Temer, i nyuma y'aho y'ihagarikwa ku butegetsi kwa prezida Dilma Rousseff. Ariko vyaragaragaye ko Temer atakunzwe n'abanye Brezil.

Amajwi 10% y'intsinzi asigura ko ivyo yemereye abamutoye bo muri Brezil bashingira cane ku mategeko n'ingo, ari vyo bitegerezwa gushirwa imbere.