Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Uwahoze atwara Brezil, Lula Da Silva, azopfungwa imyaka 12
Sentare ntahinyuzwa muri Brezil yamenyesheje ko uwahoze atwara ico gihugu, Luiz Inacio Lula da Silva, ategerezwa gupfungwa imyaka 12, igihano yahawe ahamwe n'icaha co kurya igiturire.
Nyuma y'amasaha arenga cumi hari impari ku vy'amategeko, abacamanza banse ku majwi atandatu kuri atanu, ko Lula yoguma yidegemvya mu gihe humvirizwa urubanza rwunguruje nk'uko yabisavye.
Iyo ngingo ishobora kubangamira kwitoza kwiwe mu matora y'umukuru w'igihugu yo mu kwezi kwa cumi, mu gihe bivugwa ko afise amahirwe menshi yo kuyatsinda.
Uru rubanza rwaciyemwo kubiri igihugu ca Brezil, abarwanya Lula bakaba baciye batangura kwigina baturitsa ivyaka umuriro.
Abamushigikiye bobo vyabababaje cane bidoga bavuga ko demokrasi ihejeje guhonyorwa mu gahanga.