Uburebure bw'intoke burashobora gusigura inyifato y'umukobwa ku vy'igitsina

Umugore yerekana intoke z'ukubobo kwiwe

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Uraraba uburebure bw'urutoke rwa kabiri uvuye ku rukumu hamwe n'ubw'urwambara impeta?

Abakobwa b'urutoki rukirikirana n'igikumu hamwe n'urujako impeta bitangana ngo bashobora gusanga bakundanye n'abakobwa nkabo (lesbiennes), niko bivugwa mu cigwa casohowe.

Abahinga bapimye intoke z'imigwi 18 y'amahasa asa, aho basanze ihasa rimwe rikunda abahungu, irindi rigakunda abakobwa.

Mu bisanzwe abakobwa b'amahasa bakunda abandi bakobwa ("lesbiennes"), bamuka ku magi atandukanye, bafise inkombarukoko (urutoke rukurikira urukumu) na gahugunibenga (urutoke rwambara impeta) zitareha ku kuboko kw'ibubamfu, ivyo bikaba biri mu bisanzwe ku bahungu.

Abahinga basigura ko mwenabo bakobwa baba baronse "testosterone" nyinshi bakiri mu mbanyi, nkuko abashakashatsi ba kaminuza ya Essex bavuga.

(Testosterone ni umusemburo ugwiriye mu bagabo, uri mu bituma umuhungu atandukana n'umukobwa).

Abo bahinga barapimye n'intoke z'imigwi 14 y'amahasa y'abahungu, aho umwe akundana n'abakobwa, uwundi agakundana n'abahungu; ariko nta budasa bw'intoke babonye.

Umuntu yerekana intoke z'amaboko yose

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ku bagore urutoke rwa kabiri uvuye ku rukumu hamwe n'urwa kane rw'impeta zirareha, mu gihe ku bahungu zitangana.

Baba abo abagabo canke abagore baba bibasiwe n'umusemburo w'ikigabo, testosterone, bari mu mbanyi - ku rugero rutandukanye, nkuko abahinga bavuga.

Uwatanguje ico cigwa Dr Tuesday Watts, akorera mu gisata c'inyifato kuri kaminuza ya Essex, yagize ati: "Kuberako amahasa aturuka ku gi rimwe, asangiye ibinyamubiri 100%, ushobora gusanga afise inyifato zitandukanye ku bijanye n'igitsina, hategerezwa kuba hari izindi mvo zibituma zidashingiye kuri kamere k'umuntu.

"Ubushakashatsi buvuga ko inyifato y'umuntu ku bijanye n'igitsina itangurira mu mbanyi, ikava ku misemburo y'ubugabo umuntu akuyeyo n'ingene umubiri wifata imbere y'iyo misemburo.

Abantu bibasiwe cane n'imisemburo ya "testosterone" usanga bagendana n'abantu b'ibitsina vyose canke n'abo basangiye igitsina.