Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Amashirahamwe yo mu Bushinwa na Espagne ari mu kwubaka urugomero rwa mbere runini kw'isi muri Kongo
Republika ya Demokrasi ya Kongo yashize umukono ku masezerano n'urunani rw'amashirahamwe yo mu Bushinwa na Espagne, yo kwubaka urugomero rw'umuyagankuba rwa mbere runini kw'isi.
Ayo mashirahamwe yizera kuzotsindira iryo soko, azokwubaka urugomero Inga 3 ku ruzi Kongo ruzotwara amafaranga ashika ku miriyaridi cumi na zine z'amadolari.
Naho ayo mashirahamwe atararonswa uruhusha rwa nyuma rwo kwubaka urwo rugomero, ubu arashobora gutangura gutororokanya ayo mafaranga imbere yo gushikiriza umgambi wa nyuma.
Ibanki y'isi yakuye akarenge muri uwo mugambi ivuga yuko itewe impungenge n'ingene leta ya Kongo iriko irabitunganya.
Urwo rugomero vyitezwe ko rutanga umuyagankuba ungana na megawatts ibihumbi cumi na kimwe, umwe muri wo ushorwe mu bihugu vyo hanze harimwo Afrika y'epfo.