ONU ivuga ko gusuzuma umukobwa ko ari isugi biteye kubiri n'agateka ka zina muntu

Urunani rw'amashirahamwe ya ONU ku gateka ka zina muntu, igisata ca ONU kijejwe abagore hamwe n'igisata kijejwe amagara y'abantu avuga ko gusuzuma umugore canke umukobwa uraba ko yakoze amabanga mpuzabitsina bitegerezwa kurangira.

Mu kamo urwo runani rwateye amakungu mu ntumbero yo kurangiza amabi akoregwa abagore n'abakobwa, uwo mugenzo udakenewe ukoregwa kwa muganga, kenshi ubabaza, ugatesha agaciro kandi ugatuma umuntu ahahamuka, ukwiye kurangira.

Umugenzo wo gusuzuma umukobwa ko ari isugi ni uwa kera, ONU ikavuga ko ugikurikizwa niburiburi mu bihugu 20 mu turere twose tw'isi.

Ukogwa ku mvo zitandukanye, abavyeyi canke abagiye kubana n'abo bigeme barasaba ko bikorwa, ndetse ngo hakaba n'abakoresha basaba ko abo bagiye guha akazi babanza gusuzumwa, nkuko icegeranyo ca ONU kivuga.

Iryo suzuma rikogwa n'abaganga, abapolisi n'inararibonye mu miryango.

Abigeme barakunze no gusuzumwa igihe bavuze ko bafashwe ku nguvu, kugira ukuri kuje ahabona.

Bikogwa gute?

Mu gusuzuma umukobwa ko akiri isugi, umuganga araba agace k'igitsinagore bita "hymen" ko katoba karatabutse, canke akaraba ingene umwenge w'igitsina ungana canke agakoresha intoke zibiri.

Ababikora ngo baba bibaza ko ukwo baza gusanga igitsina c'umukobwa cifashe, bishobora gutuma bamenya ko yagize imibonano mpuzabitsina canke ko atayo arigera akora.

Igisata kijejwe amagara y'abantu "Organisation Mondiale pour la Santé"(OMS) kivuga ko ata kintu na kimwe muri ubwo buryo gishobora kwemeza ko umukobwa canke umugore yakoze imibonano mpuzabitsina.

Kurondera kumenya ko umukobwa akiri isugi ni ikumira rishingiye ku gitsina

Ijambo "isugi" ntiryazananye mu vy'ubuvuzi canke ubuhinga. Ni ijambo ryo mu kibano, rishingiye ku mico no kw'idini - ryerekana ikumirwa rishingiye ku gitsina abakobwa n'abagore bagirigwa, niko ONU ivuga.

Ivyo ikibano cipfuza ko abakobwa n'abagore boguma ari "isugi" (ntibakore imibonano mpuzabitsina) ni ivyo abantu bishiramwo ko abagore bari bakwiye gukora iyo mibonano aruko barongowe.

Ubwo buryo bwo kwiyumvira burabangamira abagore n'abakobwa kw'isi yose.

Amaleta, abahinga mu vy'ubuvuzi hamwe n'imiryango bakwiye guhagarikisha uwo mugenzo.

Urunani rw'amashirahamwe ya ONU ruvuga ko vyihuta guhimiriza abahinga mu vy'ubuvuzi hamwe n'imiryango ku mabi aturuka mu kurangura uwo mugenzo ku bagore n'abakobwa, bakamenya ko ataho bisiguritse ahubwo bagafasha kuwurangiza.

Amashirahamwe menshi akorera ku vy'ubuvuzi hamwe n'ayaharanira agateka ka zina muntu aja yariyamirije uwo mugenzo ata na hamwe usigurika ku bijanye n'ubuhinga, ahubwo uhonyanga agateka k'abagore n'abakobwa.

Urunani rw'amashirahamwe ya ONU, iry'agateka ka zina muntu, igisata ca ONU kijejwe abagore hamwe n'igisata kijejwe amagara y'abantu rwiyemeje gufasha kurandurana n'imizi uwo mugenzo wo gusuzuma abagore n'abakobwa ko ari isugi no gukomeza agateka k'abagore n'abakobwa bose.

Rusaba amaleta gutunganya amategeko yihanikiza uwo mugenzo no kuyashirisha mu ngiro.