Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
ONU iragabisha ku kibazo c'inzara muri Congo kibangamiye imiliyoni
Mu cegeranyo gishasha bivugwa ko inzara iri muri Repubulika y'intwaro rusangi ya Congo imaze kwikuba kabiri kuva mu mwaka uheze, nkuko vyasohowe n'umuryango mpuzamakungu ONU na leta ya Congo.
Bivugwa ko hafi igice c'abana bafise imyaka iri munsi y'itanu bahanzwe no gufungura nabi, ko abarenga imiliyoni 13 - hafi ica gatanu c'abanyagihugu bose ba Congo - bataronka ibifungugwa bikwiye.
Ivyo bije bisongera isibe mu gihe umwimbu wakorotse, muri ico cegeranyo bikavugwa ko ico kibazo kigwiriye cane mu karere ka Kivu yo mu buraruko no mu ntara ya Ituri mu buseruko bwa Congo aho ingwano yakuye mu vyabo abantu ibihumbi.
Muri ico cegeranyo bivugwa ko abarimyi badashobora kuja mu mirimo yabo ya minsi yose, urwaruka narwo rukinjira mu migwi y'inyeshamba, abakobwa nabo bakaja mu bushurashuzi kugira ngo bashobore kuronka amahera yo kugura ibifungugwa.