Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Icegeranyo ca ONU kigabisha ko dutegerezwa guhindura cane uko tubayeho mu kurinda isi amahano
Icegeranyo kidasanzwe c'ishirahamwe mpuzamakungu ONU kw'ihindagurika ry'ikirere kivuga ko abantu bakwiye guhindura cane uko babayeho kugira barinde isi ihindagurika ribi cane.
Ico cegeranyo casohowe n'umugwi uhurikiyemwo ama leta wiga kw'ihindagurika ry'ikirere, kivuga ko hakwiye guhindurwa cane uburyo dukoresha amasoko ntanganguvu.
Ngo dukwiye kandi guhindura uburyo dutembera, uburyo twubaka co kimwe n'ivyo kurya dufungura.
Icigwa cakozwe cerekana yuko ukwiyongera kw'ubushuhe kugumijwe ku rugero rwa degre 1,5, vyobuza guhona kw'ibiremwa bitari bike, uruzuba hamwe n'imyuzure.
Ngo ariko kugira ivyo bishikweko vyosaba ko hashorwa ubu bwa vuba amahera menshi mu masoko ntanganguvu adahumanya ikirere.
Abahinga mu bumenyi bavuga ko urugero rwo kwiyongera kw'ubushuhe gushitse kuri degre zibiri, ibibanza kw'isi bibamwo amafi adasanzwe mu nzuzi bizwi nka coral reef mu Congereza, vyose vyohona.