Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Imyuka itera ubushuhe isi iriyongera
Ikigo kijejwe kugendereza ikirere -WMO, kimenyesha ko umwaka wa 2015 uzoba intibagiranwa k'isi kuko ubaye nk'intango y'igihe gishasha gitandukanye na kahise ku bijanye n'ihindagurika ry'ibihe.
Umwuka wa CO2 uri mu kirere muri kino gihe, ungana n'ibice 44% ugereranije n'ukwo vyari bimeze imbere y'umuzo w'amahinguriro.
Icegeranyo c'abahinga mw'ihindagurika ry'ikirere, kirerekaa kandi urugero rw'iyindi myuka yonona igisenge gikiringiriye isi, imishwarara y'izuba, harimwo dioxide d' azote -N2O na methane - CH4.
Mu kwezi kuza himirije inama ku kibazo co kugabanya imyuka yonona igisenge gikiria isi ubushuhe bukabije, ariko ibizovamwo n'ubwo vyoshigwa mu ngiro, inkurikizi nziza zavyo zomara igihe kugirango ziboneke.