Kwifata ifoto mu buryo bwa "Selfie" bimaze guhitana 259 mu myaka indwi

Abantu 259 nibo bamaze gupfa hagati y'i 2011 n'i 2017 barondera kwifata amafoto mu buryo bwa "selfie" mu bihe bidasigurika, nkuko icigwa cakozwe kw'isi kivyerekana.

Abashakashatsi b'ikigo ca Amerika kigenzura ivyanditswe ku buvuzi "National Library of Medicine of the United States", cari camenyesheje ibibanza biteye ubwoba umuntu "adakwiye kwifatiramwo ifoto za "selfie""mu ntumbero yo kugabanya igitigiri c'abapfa.

Ivyo bibanza birimwo amasonga y'imisozi, inyubakwa ndende, ibiyaga, aho abantu benshi bagiye barapfira.

Gutwagwa n'amazi, kugongegwa mw'ibarabara, kugwa, nivyo vyagiye bihitana benshi.

Ariko n'impfu ziturutse ku gutegwa n'ibikoko, gufatwa n'umuyagankuba, kwicwa n'umuriro canke ibigwanisho bicira umuriro navyo nyene biri mu bivugwa vyishe benshi kw'isi.

Mu bapfa abagabo ni benshi ku bagore

Mu kwezi kw'indwi uno mwaka, umuhungu yitwa Gavin Zimmerman w'imyaka 19, yapfuye ariko yifata "selfie" ku manga iri ahitwa "New South Wales" muri Australia.

Uwitwa Tomer Frankfurter yapfiriye mu kibanza co kuruhukiramwo Yosemite National Park muri Amerika, mu kwezi kw'icenda aguye ava ku metero 250 agerageza kwifata ifoto.

Inkuru nka mwenizo nizo zasuzumwe, munyuma zirakusanywa mu gukora ico cigwa.

Abashakashatsi basanze impfu ziturutse ku mafoto ya "selfie" zigwiriye mu Buhindi, Uburusiya, Amerika na Pakistani.

Ibice 72% vy'abapfa bigizwe n'abagabo.

Hari impfu nyinshi kurusha izivugwa

Ico cigwa gishasha cerekana ko impfu nka mwenizo ziguma ziyongera

Mu gihe mu 2011 ari abantu batatu gusa bavugwa, ico gitigiri cashitse ku 98 mu 2016 na 93 mu 2017.

Naho biri uko, abo bashakashatsi bavuga ko igitigiri c'ubu c'abapfa kubera "selfie" gishobora kuba ari kinini, mu gihe iyo mvo atariyo yandikwa igihe cose umuntu apfuye.

"Bivugwa ko impfu ziturutse kuri "selfie" zitavugwa cane kandi ni ikibazo gikwiye gutoregwa umuti," niko bivugwa muri ico cigwa.

"Impanuka zo mw'ibarabara ziba igihe umuntu aba ariko yifata "selfie", izo mpfu zifatwa nk'iziturutse ku mpanuka y'ibarabara."

"kurivyo, ico kibazo ntigifatwa ku rugero kigezeko. Birakenewe gutohoza hakamenyekana ukuntu urupfu ruba rwagenze, icaruteye, n'igituma rwabaye kugira ngo izivuye kuri "selfie" zimenyekane neza, hanyuma hafatwe ingingo zikenewe."