Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Icibutso ca "genocide y'Abahutu" giheruka gushingwa i Gitega mu Burundi ntikibonwa kumwe
Icibutso ca "genocide y'Abahutu" giheruka gushingwa i Gitega mu Burundi ntikibonwa kumwe n'abaharanira kwibuka ubwo bwicanyi bwo mu 1972.
Haracari amadidane ku muntu warwubatse n'ukuntu rwubatswe mu kwezi guheze kwa cenda.
Uno munsi, umuryango Collectif International des survivants du Genocide Hutu de 1972 au Burundi, uvuga ko ari wo uri inyuma y'urwo rwibutso.
Prudent Nsengiyumva yavuganye n'umukuru w'uyo muryango, Frederic Nzeyimana, ari muri Canada, atangura amubaza nimba koko ari we yatanze amabwiriza yo kwubaka urwo rwibutso.