Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Amakonti imiliyoni 50 y'abanywanyi ba Facebook yibasiwe n'inkozizikibi
Ikigo gikorera ku mbuga hwaniro Facebook kivuga ko hafi imiliyoni 50 y'abanywanyi bayo bamaze igihe badakingiwe bikwiye, gurtyo amakonti yabo agashobora kwinjigwamwo n'inkozizikibi.
Ico kigo kivuga ko izo nkozizikibi zinjiye mu makonti ziciye muri porogaramu yitwa "View As" kugira ngo zigenzure amakonti y'abantu.
Vyamenyekanye ku munsi wa kabiri nkuko Facebook ivuga, ica ibishikiriza igipolisi.
Ku munsi wa gatanu abanywanyi bibasiwe n'ubwo bugizi bwa nabi, baca basabwa kwugara amakonti yabo bakayugurura gushasha.
Iryo kosa ryo kudakingira bikwiye amakonti y'abanywanyi ryatorewe umuti nkuko bivugwa n'icegera c'uwurongoye igisata "Product Management", Guy Rosen, asigura ko amakonti yibasiwe yasubiwemwo co kimwe n'ayandi imiliyoni 40 mu gutangiriza.
Facebook ifise abanywanyi imiliyardi zibiri ku kwezi, umutahe wayo wakorotse ibice 3% ku munsi wa gatanu.
Ico kigo kivuga ko izindi mbuga nka AirBnB na Tinder, zishobora nazo nyene kwibasigwa.
Ni bande bibasiwe n'ico gitero?
Ico kigo camenyesheje ko kidashobora kuvuga abo banywanyi imiliyoni 50 abaribo, ariko ngo cabimenyesheje igisata kibijejwe co muri Irlande.
Kivuga ko abakoresha Facebook bugaye bagasubira kwugurura amakonti yabo, batiriwe barahindura amajambo y'ibanga bifashisha mu kwugurura (passwords).
"Mu gihe twatanguye amatohoza, turacarondera kumenya ko ayo makonti yakoreshejwe, n'amabanga yabuwe. Ntituzi abakoze ivyo bitero naho baba."
Yongeye ati: "Amabanga y'umuntu hamwe n'ugutekanigwa, birahambaye kuri twebwe, kandi turababajwe n'ivyashitse."
Ico kigo kivuga ko n'uwatanguje Facebook Mark Zuckerberg n'umukozi wiwe Sheryl Sandberg, bari muri ayo makonti imiliyoni 50 yibasiwe.
Bino bisigura iki kuri Facebook?
Bino bibaye mu gihe Facebook yariko iragerageza kwemeza abanyamategeko bo muri Amerika n'ahandi, ko ishobora gukingira bikwiye amabanga y'abanywanyi.
Uwatanguje Facebook Mark Zuckerberg yavuze kuri telefone ya benshi ku munsi wa gatanu, ko afata ico kibazo c'umutekano w'abanywanyi nka nkama mu gihe haguma haba ibitero vy'abagizi ba nabi.
Uwitwa Jeff Pollard icegera c'uwurongoye ikigo Forrester, avuga ko mu gihe Facebook ibitse amakuru menshi y'abanywanyi, ko yokwama yiteguriye gutegwa.
"Abatera bahiga ahabitswe amakuru, ivyo bikaba vyatumye Facebook ihamwa," niko yavuze.
"Bino bisigura ko Facebook ikwiye kugabanya uburyo bwo kwinjira mu makuru y'abantu."
Mu kwezi kwa mbere kw'uno mwaka, Mark Zuckerberg yavuze ko bagiye guhindura bimwe bimwe ku bijanye n'amakuru y'umuntu.
Umuyobozi nshingwabikorwa ari nawe yashinze urubuga gwa Facebook Mark Zuckerberg, amenyesha ko urubuga rwiwe rugiye kuzohora rubaza abanywanyi inkomoko z'amakuru babona bafitiye icizere kuruta izindi.
Ivyo ngo bizotuma Facebook imenya aboba ikwiye guha uburenganzira bwa mbere ku bakeneye kwifashisha urwo rubuga mw'itangazamakuru.
Abanyamakuru bavuga ko Facebook yifuza guhagarika amakuru y'ibinyoma no gushikuza.
Facebook yafashe iyo ngingo, inyuma y'imyumvikano ikomeye hagati yayo n'ibigo vy'itangazamakuru bifise imirongo ngenderwako ikomeye.