Sentare ya Kenya yemeje isinema y'abakundana basangiye igitsina

Umuyobozi w'isinema Rafiki yavuze ko aryohewe cane inyuma yaho sentare ikuriye ingingo yo guhagarika iyerekana ry'isinema yiwe ivugwamwo abakobwa babiri bakundana, bigatuma izokwerekanwa ku kiringo c'iminsi indwi.

Umuyobozi w'iyo sinema ishobora kujanwa mw'ihiganwa ry'agashimwe Oscar, Wanuri Kahiu, yarungitse ubutumwa kuri Twitter avuga ko agiye gushikiriza amatariki iyo sinema yokwerekanwako vuba mu gisagara ca Nairobi:

Ariko uwurongoye ikigo kigenzura ivy'amasinema "Kenya Film Classification Board" (KFCB), yari yihanikije iyerekana rya Rafiki kubera ko "irondera guha agaciro ugukundana kw'abasangiye igitsina", ntiyanezerejwe n'ingingo ya sentare avuga ati: "amabanga mpuzabitsina y'abasangiye igitsina sibwo buryo tubamwo":

Yongeye ati niba abantu bashaka kuyirabira mu mazu yabo, ni vyiza - ariko ikigo arongoye kizokurikirana uwo wese azogerageza kuyereka abanyagihugu:

Isinema Rafiki, bisigura "umugenzi" mu giswahili, ivugwamwo urukundo hagati y'abigeme babiri.