Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Papa Francis ateganya gusura Mozambique umwaka utaha 'naba akiriho'
Ibitangazamakuru byo muri Mozambique byatangaje ko mu rugendo yagiriye i Vatican ku wa gatanu, Perezida Filipe Nyusi wa Mozambique yavuze ko Papa Francis ateganya gusura Mozambique mu mwaka utaha wa 2019.
Perezida Nyusi yavuze ko ubwo yamusabaga kuzasura iki gihugu, Papa Francis yasubije ati:
'Nimba nkiriho.'
Ni inama yamaze iminota 30.
Aba bagabo bombi banagariniye ku mubano hagati ya Vatican na Mozambique.
Itangazo rigenewe abanyamakuru ryatangajwe n'ibiro bya Papa Francis rigira riti:
"Mu biganiro byiza [twagiranye], hemejwe gukomeza umubano mwiza hagati ya Vatican na Mozambique ndetse no ku ruhare rw'ingenzi rwa Kiliziya Gatolika mu nzego nyinshi [muri Mozambique], bijyanye n'amasezerano impande zombi zashyizeho umukono mu mwaka wa 2011."