Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Leta ya Uganda yatangaje ko ibirego bw'iyicarubozo bya Depite Bobi Wine "nta gihamya bifite"
Leta ya Uganda yavuze ko ibirego by'iyicarubozo bya Depite Bobi Wine - umuhanzi wahindutse umunyapolitiki - "nta gihamya bifite" kandi "bitumvikana."
Wine - ubundi izina rye ry'ukuri rikaba ari Robert Kyagulanyi - avuga ko yakorewe iyicarubozo ubwo yari afunzwe n'inzego z'umutekano za Uganda. Aregwa ibirego by'ubugambanyi - ibirego ahakana.
Itangazo rya leta ya Uganda rivuga ko uwunganira mu mategeko Depite Wine "ari gukoresha amayeri yo kurangaza mu rwego rwo kumvikanisha ibirego bica igikuba, nubwo bwose bidafite gihamya, by'iyicarubozo."
Iri tangazo rya leta ya Uganda rihamagarira Wine kujyana ibirego bye mu rukiko aho bishobora "gukorwaho iperereza rinyuze mu mucyo."
Kuri ubu ari muri Leta Zunze Ubumwe z'Amerika aho yagiye kwivuriza ibikomere avuga ko yagiriye aho yari afungiye.