Yiginye imvura ayisukamwo ukwo yaremwe

Ahavuye isanamu, EPA
Imvura yaguye mu duce tw'ubuseruko bwa Australia mu mpera z'indwi yazanye ikizere ku barimyi bahanzwe n'uruzuba ku kiringo c'imyaka 50.
Abantu benshi ntibarigera babona imvura ku kiringo kirenga umwaka, bikavugwa ko hashobora kugwa imvura y'isegenya mu ndwi ziri imbere.
Umurimyi wo mu ntara ya New South Wales yitwa Glen Bloink yararyohewe cane abonye imvura aca yiruka ari gusa ukwo Imana yamuremye mu mirima yiwe - ayo mashusho ya video akaba yaratwengeje abantu benshi ku mbuga hwaniro.
Umushikiranganji wa mbere mushasha wa Australia, Scott Morrison yavuze ko igikorwa nyamukuru ca leta arongoye kuzoba uguhangana n'uruzuba.
Mu mwaka uheze mu kwezi kwa gatatu, imyuzure yarateye aho nyene New South Wales be no mu tundi duce twa Australia nka Queensland.
Imvura y'igihuhusi yateye uduce tubamwo abantu benshi, igihuhusi Debbie cibasira inkengera zo mu buseruko.
Mu gihe imyuzure yaguma yiyongera mu bisagara bimwe bimwe, abafotora bafashe amasanamu y'ingene abantu bariko bagenzura ivyononekaye.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Inzuzi nyinshi zarasheshe bituma ubutegetsi bugabisha abanyagihugu.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umugwa mukuru wa Queensland, Brisbane, nawo nyene waratandukiriwe ico gihe, abanyagihugu bakaba bari basabwe kuhava.

Ahavuye isanamu, Getty Images










