Emmerson Mnangagwa yarahijwe mu gihe impari z'amatora zibandanya

Emmerson Mnangagwa yarahiriye kurongora igihugu inyuma y'umunsi umwe uwo bari bahanganye asubiye kwemeza ko adashigikiye ivyavuzwe ko vyavuye mu matora.

Ibirori vyo Bwana Mnangagwa vyabereye ku murwa mukuru Harare, abaje gukurikirana amatora bakaba bavuze ko igihugu ca Zimbabwe kidafise "umugenzo wo guhariranira".

Ku munsi wa gatanu, sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro yarahakanye ibivugwa n'imigambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi ko habaye ubusuma mu matora aheruka, ko atakivyemeza.

Abategetsi b'ibihugu bo mu karere nibo bitavye ivyo birori baje gushigikira Prezida Mnangagwa.

Bivugwa ko umutekano wari wakomejwe aho vyabereye ku kibuga c'umupira, abo mu migambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi bakaba batigeze bahagera.

Umugambwe utavuga rumwe n'ubutegetsi MDC na kizigenza wawo Nelson Chamisa, babandanya bemeza ko Bwana Mnangagwa atatsinze amatora.

Bwana Mnangagwa yahamagariye abanyagihugu kugira ubumwe, inyuma y'uruhagarara hamwe n'imyiyerekano yahitanye abantu.

Bwana Mnangagwa niwe yatangajwe mu kwezi kw'indwi ko yatsinze uwo bahiganwa Nelson Chamisa ku majwi make, munyuma Bwana Chamisa ntiyavyemera yitura ubutungane.

Emmerson Mnangagwa niwe yararongoye igihugu kuva mu kwezi kwa 11 mu mwaka uheze, inyuma yaho umukuru w'igihugu yatwaye igihe kirekire, Robert Mugabe, akuriwe.