Ebola ibandanya irwira mu ntara za Kivu na Ituri

Abandi bantu bashika ku 32 nibo bemejwe n'abategetsi ko baherutse gupfa bahitanywe na Ebola, mu ntara za Kivu na Ituri.

75 nibo biyongereye, banduye uyo mugera.

Ibi biba mugihe abategetsi ba Leta ya demokarasi ya Kongo bemeza ko batanze uruhusha rwo kubandanya urucanco rukiriko rurageragezwa.

Mur'iki gihe, abarwayi 10 baramaze kuronka urwo rucanco, kandi batanu rwarabafashije.

Muri rusangi, abantu 1600 nibo bamaze gucandarwa.

Ibaye incuro y'I 10 iyi ndwara yadutse mur'iki gihugu, ariko ni ubwambere yadutse mu karere karimwo indwano.

Nico catumye ishami ry'ishirahamwe mpuza makungu ryitaho amagara y'abantu OMS risaba rishimitse koi zo ndwano zihagarara kugira abarwayi bashobore kuvurwa.

Ikimaze kuboneka n'uko abana aribo bakarirwa:

Kuva iyi ndwara isubiriye gutera, 6 mubafashwe n'iyo ndwara bari munsi y'imyaka 14.

Aka karere ka Kivu na Ituri gaherutse kwaduka mwo iyo ndwara ya Ebola gasanzwe kabamwo abantu benshi, bivuye ko gahana imbibe n'ibindi bihugu.

Iyindi mvo, ngaruka y'iyi ya mbere, hari uruja n'uruza, abantu banajabuka imbibe, kumvo nyinshi, harimwo n'abo mu mirwi itandukanye y'abarywanyi.

Ibihugu bibanyi vy'izo ntara, Ubuganda, u Rwanda, u Burundi na Tanzaniya, bishobora kubangamirwa n'iyo ndwara.