Isegenya imaze guhitana 930 mu Buhinde

Ahavuye isanamu, AFP
Umukuru wa leta ya Kerala mu Buhinde, avuga ko abantu batari munsi y'amajana atatu bamaze kumenyekana ko bapfuye bazize iseganya itari bwaboneke mu kiringo kirenga imyaka ijana.
Abenshi mu bapfuye baguweko n'imisozi yabomotse.
Umushikiranganji wa mbere Narendra Modi, yasavye ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi kwongera inguvu mu bikorwa vyo gutabara mu bice bitandukanye vya Kerala.

Ahavuye isanamu, Reuters
Bariko bakwiragiza ibifungurwa mu bugarijwe n'imvura yaguye n'ubu ikiriko, ico gikorwa cabo kikaba kibangamiwe n'imisozi yabomotse hamwe n'imyuzuri.
Ababa mu biyaya basabwe kuduga ku misozi hejuru, ariko imigwi y'abajejwe gutabara ngo ntibiyorohera gushikira abantu, n'ubwo bogera hafi y'imihana yabo, kubera ubunini bw'ibihome vy'inzitiro n'imikuba y'amazi.
Muri Aluva, nko ku birometero mirongo itatu mu gisagara ca Kochi, amazu menshi y'amagorofa abiri yararengewe n'amazi.
Abagera ku bihumbi amajana abiri barataye ingo zabo.

Ahavuye isanamu, AFP
Kubera hacitezwe iyindi mvura, ikibuga c'indege kirugaye kugeza kuwa 26 z'uku kwezi.
Umushikiranganji wa mbere Narendra Modi ateganya kugendera ako karere kuri uno mugoroba.










