Abanyepolitike ba Kenya bagiye kuraba "Mundial" "ku mahera y'igihugu"

Ahavuye isanamu, MILLICENT
Abashingamateka n'abakenguzamateka hafi 20 ba Kenya bari mu gihugu c'Uburusiya kurorera ihiganwa ry'igikombe c'isi ku mahera y'igihugu hafi inusu y'umuliyoni w'amadolari, ivyo bikaba bitanezereje abanyagihugu.
Amakuru ava mu bushikiranganji bw'inkino avuga ko barungitswe ngo barahure ubwenge bwotuma, bashobora gutunganya amahiganwa mpuzamakungu.
Bagiye bategekanije kuraba inkino zine zirimwo n'urukino rwa nyuma, "finale".
Abo banyepolitike bari ma kanama k'ivy'inkino n'akazi, bahawe amatike y'indege y'ikibanza ca mbere "First Class", bakaba batekerewe amadolari $1000 umwumwe ku munsi, bazomarayo iminsi 20.

Ahavuye isanamu, FACEBOOK Millicent Omanga
Abanyagihugu batanguye kunegura ivy'urwo rugendo, igihe abo banyepolitike batanguye gushira amafoto yabo ku mbuga hwaniro, bari ku kibuga c'umupira.
Bamwe mu banyagihugu baribaza ingene igihugu gifise amadeni, gishobora gukora ibintu nka mwenivyo.
Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.
Impera ya X ubutumwa, 1
Abandi babaza niba abo banyepolitike ariho bazoba bakiri, ni hagera ko Kenya yakira mwenayo mahiganwa.
Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.
Impera ya X ubutumwa, 2
Umushikiranganji w'inkino Rashid Echesa yabwiye BBC ko yarekuriye abashingamateka batandatu kuja muri urwo rugendo baserukira igihugu ca Kenya, ngo bige ingene bategura amahuriro akomakomeye.
Umuvugizi w'inama nshingamateka ya Kenya yemeje ayo makuru, asigura ko abo banyepolitike bagiye ku mvo z'akazi.
Justin Muturi yagize ati: "Ego, naramenyeshejwe n'imigwi imwimwe ko yarungitse abantu bayo bo mu nama nshingamateka kuja kuraba ihiganwa ry'igikombe c'isi yose. Igihe bazoba bavuye mu Burusiya, bazoduha icegeranyo c'ivyo babonye n'ivyo bakoze, kugira ngo turabe ko hari ico bakuye muri iryo higanwa. Niko kamaro ko kurungika abashingamateka mu birori nka mwen'ivyo".
Ku mbuga hwaniro ubona abakenya basa n'abafashwe n'agashavu, bibaza igituma abo bantu bose boja muri urwo rugendo, n'ukuntu amahera y'igihugu anagana ukwo yo kwirigwa arajkoreshwa kuri urwo rugendo.
Basanga ari ugusesagura amahera y'igihugu.










