Uburyo bushasha bwo gukingira amagi y'igitsina gore

Abahinga baherutse gutora uburyo bushasha bwo gukingira amagi y'igitsina gore igihe amagara yiwe ageramiwe agashobora gucika ingumba.

Ubwo buryo bushobora gufasha abagore bakunze gucika ingumba kubera indwara ya kanseri, igihe bavugwa hakoreshejwe uburyo bwa "chimiothérapie".

Abo bahinga bo mu gihugu ca Danemark bakuramwo ibihimba vy'isaho ribitse amagi bakabihindura, ku buryo bishobora gusubizwa mu muntu munyuma igihe uwo mwigeme yipfuza gusama imbanyi.

Abo bahinga bavuga ko ico gikorwa "giteye igomwe", ariko ko bikenewe ko ubwo buryo bupimigwa ku muntu.

Kuvura kanseri ku buryo bwa "chimiothérapie" na "radiothérapie" birakunze kwonona iyo saho y'amagi, bigatuma umugore acika ingumba.

Hari uburyo abagore bashobora gukingigwa bagashobora gusama imbanyi, igihe igihimba canke isaho ryose ry'amagi ribanje kuvanwamwo, rikabikwa ahakanye cane ritarononekara kugira ngo rikoreshwe munyuma.

Buno ni bwo buryo bwo kubungabunga amagi ngo ntiyononekare.

Ku bagwaye kanseri biragoye kuberako iyo saho y'amagi ishobora kwandura iyo ndwara, ivyo bigatuma iyo ndwara igaruka igihe urisubije mu muntu.

Mu kwirinda iyo ngorane, abahinga bo ku bitaro Rigshospitalet i Copenhague muri Danemark, barakeba ibihimba vy'iryo saho ry'amagi ry'umugwayi, imbere yuko atangura kuvugwa kanseri.

Abo bahinga baca babisubiriza n'ibindi bikoreye, hakaboneka irindi saho ry'amagi.

Iryo saho rishasha ryarashoboye gutegwa mu mbeba, rirashobora gukora neza.

Abo bahinga batoye ubwo buryo, bavuga ko bukwiye kugeragezwa ku bantu.

Ngo bushobora kugira akamaro uravye ubundi buryo bwakoreshwa mu kugwanya ugucika ingumba.

Stuart Lavery, umuhinga w'indwara z'abagore ku bitaro Hammersmith, avuga ko ubwo buryo bwo kwinjiza mu muntu isaho ry'amagi rishasha bifasha umugore gusama nka kurya gusanzwe, ngo bukaba buteye kubiri n'uburyo bwa "In Vitro Fertilisation" (IVF), aho igi rikuzwa mu nyubakwa zo gupiramwo (laboratoires), munyuma rigasubizwa mu gitereko hageze.

Dr Gillian Lockwood avuga ko ikindi ciza c'ubwo buryo ari uko umugore abukoreshweko, ashobora gusubira kuja mu butinyanka bitarinze kugorana.

Ubwo buryo bugiye kubanza kugeragezwa ku bantu, ivyo bikaba bitegekanijwe mu myaka itatu canke ine.

Ubwo buryo buheruka gutogwa bugiye gushikirizwa inama iba ku mwaka y'ishirahamwe rya Buraya "European Society of Human Reproduction and Embryology".