Andrés Manuel López Obrador yatsinze amatora muri Mexique

Umukandida agendera ku vyiyumviro vyo gusabikana no kunganisha abanyagihugu Andrés Manuel López Obrador yatsinze amatora muri Mexique mu bitigiri mfatakibanza, yavuze ko agiye guhindura cane ico gihugu.
Uwo mugabo yahora ari umukuru w'igisagara ca Mexico, akunze guhamagagwa kw'izina Amlo rigizwe n'indome zitangura amazina yiwe yose, ababikurikirana basanga yotsinda ku majwi 53%.
Bamwe mu bo bahiganwa baza bamaze kwemerera ko barushijwe.
Bwana López Obrador yiyemeje kugwanya ingeso y'ibiturire n'abanyuruza itunga ry'igihugu.
Ntiyakunda kuvuga ururimi rumwe na Prezida Donald Trump, akavuga ko imigenderanire na Amerika igiye gukurikiranirigwa hafi.
Bamwe mu batavuga rumwe nawe bafise amakenga ko ivyiyumviro vyiwe bishobora kubangamira ubutunzi bwa Mexique, bukamera nk'ubwa Venezuela buguma bukoroka.

Ahavuye isanamu, Reuters
Bwana López Obrador avuga ko ari "ijoro rizoja mu mateka", akaba yahamagariye abanya Mexique gusubirana, avuga ko agiye kwicarira amasezerano yapfunditswe ku bijanye n'amasoko ntanganguvu kubera ibiturire biyavugwamo.
"Ingeso y'ibiturire niyo yerekana ubutegetsi buriko buratemba. Turemera ata nkeka ko iyo ngeso mbi ari yo ituma ukutangana mu vy'ubutunzi n'imibano, ivyo biturire bigatuma haduka n'ubwicanyi mu gihugu," niko yavuze.
Yavuze ko ata muntu numwe yaranzwe n'ingeso y'ibiturire azokingigwa ikibaba, ndetse ko n'abazi ko ari "abavukanyi b'igihe c'ingwano"bazofatwa.
Ibiharuro vyifashe gute?
Ku biharuro vya nyuma vyashikirijwe n'ikigo kijejwe amatora "Mexican electoral institute", vyerekana ko Bwana López Obrador ari we yatsinze mu kuronka amajwi yikuvye kabiri karenga ay'uwumwegereye.
Niyo ntsinzi ikomeye yibonekeje kuva igihe c'amatora co mu myaka yi 1980.
Ricardo Anaya, umukandida w'umugambwe w'abagendera ku vyiyumviro vya kera "National Action Party" (PAN), niwe asa n'uwuza gukurikira Bwana López Obrador.

"Ndemera intsinzi yiwe, ndamukeje, kandi ndamwipfurije kuroranigwa ku neza ya Mexique," niko Bwana Anaya yavuze.
Umukandida w'umugambwe wari ku butegetsi José Antonio Meade, ari mu kibanza ca gatatu mu bitigiri mfatakibanza, yavuze ko yipfurije uwatsinze "ukuroranigwa cane".
Amerika na Mexique
Bwana López Obrador yamye atemera politike ya Bwana Trump avuga ko "azomwereka ukuri", avuga ko politike yiwe ku bimukira "ataco inezwe" kandi ko "ishingiye ku macakubiri".
Ivyo ntivyabujije ko Bwana Trump amukeza, mu butumwa yarungitse ku buryo bwa Twitter.
Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.
Impera ya X ubutumwa










