Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ethiopia: "Dushaka urukundo, nta ngwano" na Eritrea
Umushikiranganji wa mbere wa Ethiopia Abiy Mohamed yasavye ko ibihugu vya Ethiopia na Eritrea vyorangwa n'urukundo atari ingwano.
Avugira kuri televiziyo amaze kwakira intumwa za Eritrea ku munsi wa kabiri mw'ijoro, Bwana Abiy yavuze ati: "Urukundo nirwo rwonyene rwodufasha kuva muri bino. Twaragerageje ingwano, nta numwe yayungukiyemwo. Yatwaye ubuzima, umwanya , amahera - itubuza guhanga amaso ibihambaye."
Yavuze no ku bijanye n'abanonotsi bo muri Ethiopia bashobora kuja kwiruka muri Eritrea, hamwe n'ishirahamwe ry'indege ry'igihugu rigiye gusubira kuja muri ico gihugu kibanyi.
Abantu baharugwa mu bihumbi mirongo barishwe mu ngwano yo mu 1998-2000 hagati y'ivyo bihugu bibiri, bipfa akarere ka Badme.
Umukuru w'igihugu ca Eritrea Isaias Afewerki ntiyari muri ivyo biganiro, ariko akaba yari yarungitse intumwa zo ku rwego rwo hejuru rurimwo umuhanuzi mu vya politike Yemane Gebreab, ngo zirangize impari zituruka ku mbibe.
Bwana Yemane yavuze ko ibihugu vyose ukwo ari bibiri vyugaye ico kigabane, vyugurura gishasha.
Yavuze ati: "Igihe twahura uno munsi, ntivyaboneka ko tumaze imyaka 20 tutabonana."
Yavuga mu rurimi rw'iki Amharic, ururimi rw'akazi mu gihugu ca Ethiopia - naho atarirwo rukoreshwa muri Eritrea.
Bwana Yemane yavuze ko abategetsi babiri biyemeje kurondera amahoro, ko ata budasa bw'ivyiyumviro buri hagati ya Ethiopia na Eritrea.