Prezida wa Zimbabwe yahakiwe mu myiyamamazo

Umukuru w'igihugu ca Zimbabwe, Emmerson Mnangagwa yasimvye imanga inyuma yaho hagabiwe igitero c'ikibombe ku kibuga co mu gisagara ca Bulawayo.

Ku masanamu ya Video yafatiwe ku kibuga "White City Stadium", ubona ico giturika kibera hafi ya Bwana Mnangagwa avuye kuri "podium" yashikiriza ijambo abamushigikiye.

Mu gihe Prezida ata na kimwe yabaye, televiziyo y'igihugu yavuze ko icegera ca kabiri c'umukuru w'igihugu Kembo Mohadi, yakomeretse ku kuguru.

Prezida Mnangagwa yaje ku butegetsi mu kwezi kwa 11 kurangiye, akuye uwo bakorana Robert Mugabe.

Prezida yari i Bulawayo, igisagara ca kabiri gikomeye muri Zimbabwe, yamamariza umugambwe wiwe Zanu-PF mu matora ategekanijwe itariki 30 ukwezi kw'indwi.

Ayo matora azoba abaye aya mbere kuva Bwana Mugabe akuwe ku butegetsi inyuma y'imyaka 37.

Umuvugizi w'umukuru w'igihugu George Charamba niwe yarungitse itangazo yemeza ko Prezida Mnangagwa ataco yabaye, yongera yibutsa ati: "Ni kenshi abantu bamaze kugerageza kwica umukuru w'igihugu muri ino myaka itanu."

Icegera ca mbere c'umukuru w'igihugu, Constantino Chiwenga hamwe n'umupfasoni wiwe nabo nyene bakomeretse ariko atari cane, nkuko itororokanirizo ry'amakuru Reuters ryabishikirije.