Trump yisubiyeko ku ngingo yo gutandukanya abavyeyi n'abana b'abimukira

Rais Donald Trump

Ahavuye isanamu, Getty Images

Prezida Donald Trump wa Amerika yahagaritse itegeko riraba abimukira ryategeka gutandukanya abavyeyi n'abana b'abimukira binjiye muri ico gihugu badakurikije amategeko.

N'aho yasokoye kuri iryo tegeko kubera abantu benshi baryiyamirije, Trump yavuze ko azobandanya gucungera imbibe z'igihugu.

Prezida Trump kuva aja ku butegetsi yerekanye ko ashaka gushiraho amategeko akaze yo kugwanya abimukira, yisanze mu ngorane na cane cane aho habonekeye amafoto ateye ikigongwe y'abana batandukanijwe n'abavyeyi babo ku rubibe rwa Amerika na Mexique, aho zababaje abanyamerika benshi.

Inama nshingamateka, abaharanira agateka ka zina muntu eka mbere n'umupfasoni Melania Trump umupfasoni wiwe, hamwe n'abapfasoni b'abigeze gutwara ico gihugu vyarabababaje.

Igitigiri c'abimukira bashaka kwinjira muri Amerika carongerekanye

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Igitigiri c'abimukira bashaka kwinjira muri Amerika carongerekanye

Ariko haracari amakenga nimba iryo tegeko rya Trump rizoshobora gutuma imiryango ishobora kuba hamwe inyuma y'imisi 20, kandi vyitezwe ko inama nshingamateka kuri uyu wa kane itora amabwirizwa abiri akura akura amakenga kuri iyo ngingo yo gucinyiza iyo miryango hamwe n'izindi ngingo zerekeye abimukira.

Ariko kandi iryo tegeko rya Trump ntiryerekana umwanya rizoshirwa mu bikorwa n'ingene abana barenga 2000 bamaze gutandukana n'abavyeyi babo bazosubira kubahuza.