Abana b'abimukira 2000 bamaze gutandukana n'abavyeyi babo muri Amerika mu ndwi 6

A small boy from Honduras and his father are taken into custody by US Border Patrol agents near the US-Mexico Border on June 12, 2018 near Mission, Texas.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abana batandukanijwe n'abavyeyi babo ku rubibe bafatwa nk'abatagira abavyeyi

Abana boba bashika ku 2000 baramaze gutandukana n'abavyeyi babo ku rubibe Amerika ihana na Mexique mu ndwi zitandatu ziheze, nk'uko bivugwa n'abategetsi.

Bivuye kuri politike ya Trump yo gutuza abimukira binjira bava muri Mexique, abantu bakuze barapfungwa abana na bo bari kumwe bagaca bababaka.

Ico kibazo kiriko kiratera uruhagarara muri politike ya Amerika.

Ku musi wa kabiri, umushikirizamanza mukuru Jeff Sessions yishimikije Bibiliya mu kuvuga ko atazobihanagnira.

N'ukuvuga ko abinjira muri Amerika ata ruhusha bategerezwa gucibwa urubanza, bikaba bije guhindura politike y'igihe kirekire aho abanjiye muri ico gihugu ubwa mbere bagirizwa icaha gito.

Mu gihe abakuze bagirizwa icaha bakanapfungwa, abana bari kumwe baca bababaka bagaca bashirwa mu mugwi w'abatagira abo bari kumwe.

Ibiharuro vy'intwaro yo hagati mu gihugu vyerekana ko abana 1995 batandukanijwe n'abakuze 1940, bapfunzwe kuva itariki 19 z'ukwezi kwa kane n'itariki 31 z'ukwa gatanu.

Protesters at a rally in Los Angeles, hold signs (14 June 2018)

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Ico kibazo catumye abantu bihereza amabarabara mbere na Onu ikaba yanebaguye iyo nyifato.

Nta myaka yatanzwe y'abo bana batandukanye n'abavyeyi babo.

Abo bana baca mu bisata bijejwe amagara y'abantu n'igitanga imfashanyo vya Amarika. Baca barungikwa mu mabohero ya reta canke bagahabwa iyindi miryango ibakira mu ntumbero ya reta yo gutorera inyishu ico kibazo.

Ishirahamwe mpuzamakungu Onu ryahamagariye Amerika guhita bahagarika ubwo nyene iryo tandukanywa ry'abana n'abavyeyo babo.