'Kuba mu bwoba bwo kwirukanwa na prezida Trump'

Ku kagoroba mu gasagara gato ka Brownville mu ntara ya Texas, kabamwo abimukira bo muri Amerika y'epfo, amabarabara aragaragara, ibibuga vy'inkino biragaragara.
"Abantu bose bariyugarana, bafise ubwoba," ni ko Maria, yashitse muri Amerika adakurikije amategeko haraheze imyaka 23, yavuze.
"Duca twugara amadirisha, ukamenga ni mu bugaragwa."
Maria n'umwe mubashika imiliyoni 11 " z'abimukira batazwi neza", Benshi muri bo baba muri Amerika haraheze imyaka irenga mirongo ibiri, bakaba bafise n'abana b'abanyamerika babamukako.
Ubuzima bw'abimukira batazwi baba i Texas, i Rio Grande Valley bwarahindutse cane kuva prezida Trump ashitse ku butegetsi, aho yiyemeje kwirukana abantu bose bashitse muri ico gihugu badakurikije amategeko.
Buri gitondo, Maria aratinya kuriza umuhungu wiwe mu modoka y'ishure.







