Isinzi ry'abimukira ku rubibe rwa Mexique na Amerika

Ahavuye isanamu, AFP
Abimukira benshi bari mu rukurikirane rw'imodoka bagiye kurondera ubuhungiro muri Amerika bahagaritswe ku rubibe.
Abategetsi bacungera imbibe ba Amerika babwiye abantu bashika 150, benshi bari kumwe n'abana, ko ku rubibe Mexique ihana na Amerika ujabukira i San Diego huzuye.
Ntivyari bwamenyekane nimba abo bimukira bo muri Amerika yo hagati batinda bakabareka bakinjira canke ko basubizwa inyuma, ariko uwo mugwi usa n'uwudashaka kuva ngaho.

Ahavuye isanamu, Reuters
Prezida Trump yavuze ko abimukira bo muri Amerika yo hagati bageramiye umutekano wa Amerika.
Prezida wa Amerika yama yiyamye abo bimukira, kuri twitter akaba yavuze ko vyerekana ko bikenewe gukaza amategeko aberekeye.
Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.
Impera ya X ubutumwa
Yahamagariye amareta ahana urubibe na Mexique kurungika abasirikare gukaza umutekano ku rubibe gushika hubatswe uruhome muri ico kibanza.
Urwo rukurikirane rw'abimukira rwahagurutse itariki 25 z'ukwezi kwa gatatu mu bumanuko bwa Mexique rugana Amerika, hagufi y'urubibe na Guatemala, hakaba harageze igihe bashika ku 1000.

Ahavuye isanamu, AFP
Abo bimukira bagiye n'amamodoka yunguruza abantu, itereni hamwe n'amaguru ibirometero 3.200 gushika ku rubibe Mexique ihana na Amerika, benshi bakaba bavuga ko bahunga ugutotezwa n'ubwicanyi mu bihugu vyabo.











