Abaganga b'abanye Cuba bemerewe gukora muri Kenya

Ahavuye isanamu, AFP
Sentare i Nairobi yavuze ko urubanza rw'abavuga ko abaganga b'abanye Cuba ata burenganzira bwo gukora muri Kenya bafise rutagira ishingiro.
Ubushikiranganji bwa Kenya bujejwe amagara y'abantu buherutse kuzana abaganga b'abanye Cuba 50 kugira bafashe igisata c'amagara y'abantu muri ico gihugu.
Ariko ishirahamwe ry'abaganga aho muri Kenya ryavuga ko ata cerekana ko muri ico gihugu hari ubukene bw'abaganga.
Sentare iraba akazi imigenderanire mu kazi yaciye urubanza ivuga ko ata cerekana ko uburenganzira bw'abaganga bwahonyanzwe n'ingingo yo guha akazi abaganga b'abanye Cuba.

Ahavuye isanamu, AFP
Abaganga 50 b'abanye Cuba b'ubuhinga butandukanye harimwo ababaga, abakoresha radiyo n'abavura indwara z'imitsi nsozabwenge bashitse mu gihugu uku kwezi kuva ubu barashobora gukora mu bitaro bitandukanye mu gihugu.
Mu mafaranga reta izokoresha uyu mwaka, harimwo miliyoni 10 z'amadolari zigenewe imishahara n'ibindi vya nkenerwa vy'abo baganga b'abanye Cuba.
Bashitse mu gihe c'impari zishushe aho muri Kenya.
Ubushikiranganji bw'amagara y'abantu muri Kenya buvuga ko mu gihugu hakenewe abakozi bo kwa muganga barenga ibihumbi 42.

Ariko ishirahamnwe ruy'abaganga rivuga ko hari abashika hafi ngihugumboi n'amajana indwi bsatagira akazi.
Muri iyi myaka ibiri iheze, abaforoma muri Kenya bamaze guhagarika akazi gatatu, aho baheruka bakaba bamaze amezi menshi.
Mu mwaka uheze abaganga aho muri Kenya bamaze iminsi ijana bahagaritse akazi.
Nico giringo kirekire co guhagarika akazi kimaze kuba mu gihugu.
Ivyo vyatumye amavuriro mu gihugu adashobora gukora neza bigatuma abarwayi babura uko bagira mu gihe badashobora kuronka amafaranga yo kuja mu mavuriro y'abigenga.










