Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Trump yagenye amakori ku bidandazwa vy'Ubushinwa
Ibidandazwa biturutse mu Bushinwa bigiye kuzohora bitozwa ibice 25% vy'amakori mu kwinjira muri Leta zunze Ubumwe za Amerika kuva kuwa 06/07/2018.
Ingingo ya Trump y'amakori mashasha ku bidandazwa bigera ku 800 biciye miliyaridi 34 azotangura gushirwa mu ngiro mu ntango z'ukwezi kw'indwi.
Iyo ngingo izoshobora no gutandukira ibindi bidandazwa biciye miliyaridi 16 ndetse hatangwe n'urundi rugero rw'amakori hamwe Ubushinwa bwokwihora.
Ubushinwa nabwo buramaze kumenyesha ko buzosubiriza mu nkoko Leta zunze Ubumwe za Amerika.
Bwana Trump avuga ko gutoza ayo makori bizoba ngirakamaro mu gukumira ko ubumenyi n'uburenganzira ku bikorwa mvabwenge vy'Abanyamerika bikomeza kurungikwa mu Bushinwa.
Ivyo ngo bizokingira ubuzi muri Leta zunze Ubumwe za Amerika.
Ku munsi wa kane, umukuru w'ikigega mpuzamakungu FMI Christine Lagarde, yagabishije ko uwo mugambi wa Trump ushobora gutera ingorane z'ubutunzi mu gihugu ciwe, no kubangamira urudandazwa mpuzamakungu.
Avuga ko iyo ntambara y'urudandazwa ata n'umwe azoyungukiramwo muri ivyo bihugu vyompi, kandi ishobora kugira ingaruka zikomeye.
FMI ivuga ko ubutegetsi bwa Leta zunze Ubumwe Amerika, bushaka no kwivumbura mu masezerano yo guhanahana ibidandazwa muri Amerika ya ruguru, busa n'ubwishura ku ngaruka zisanzwe ziturutse ku mwidegenvyo wo guhanahana ibidandazwa.