Salah ku ntebe y'abasubirizi mu rukino na Urugway

Umukinyi w'imbere wa Misiri, Mohamed Salah yashizwe ku ntebe y'abasubirizi mu rukino rwa mbere bahura n'igihugu ca Urugway i Yekaterinburg ku munsi wa gatanu.

Uwo mukinyi w'imyaka 25 ntarasubira gukina kuva aho agiriye imvune yo ku bitugu bahura na Liverpool mu rukino rwa nyuma rwa Champions League, batsinzwemwo na Real Madrid itariki 26 ukwezi kwa gatanu.

Ku munsi wa kane, umumenyereza w'umugwi wa Misiri Hector Cuper yavuze ko "yosa n'uwizeza" ibigo vy'itangazamakuru ko Salah azokina "100%".

Cuper yavuze ko amagara ya Salah "yifashe neza", ko yatoye mitende "ningoga cane" inyuma y'imvune yaronse.

Salah yari mu myimenyerezo ku munsi wa gatatu, araheza ikarashishi yo kwishusha, munyuma aca aragenda.

Umugwi w'abaganga bamukurikirana bavuga ko baguma baraba ingene amagara yiwe yifashe ku munsi kumunsi, Cuper akaba atahaye agaciro akamaro k'uwo mukinyi w'imbere, avuga ati: "Urukino rwacu ntiruhagaze kuri we."

Umugwi wa Urugway bahura niwo uvugwa ko ariwo ushobora gutwara ikibanza ca mbere mu muce A.

Uwo mugwi ufise abakinyi bakomeye barimwo umunyezamu Fernando Muslera, umukinyi w'imbere Luis Suarez hamwe na Edinson Cavani.