Umudepite w'umurusiya yasavye abagore "kutaryamana n'abagabo b'abanyamahanga"

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umudepite w'umurusiya yasavye abagore "kutaryamana n'abagabo b'abanyamahanga" muri kino gihe c'ihiganwa ry'igikombe c'isi yose.
Uwo mugore wo mu mugambwe w'abakomunista Tamara Pletnyova yabwiye iradiyo yo mu gisagara ca Moscou ko "atari umu "nationaliste", "ariko ko yibaza ko abakobwa b'abarusiyakazi bakwiye kwirinda kurangura imibonano mpuzabitsina n'abantu "b'ubundi bwoko" kubera ko vyotuma "abana bagira ingorane".
Yariko arishura ku kibazo kijanye n'"abana bo mu nkino za Olympique" - mu gihe havuzwe ko hari abana benshi b'imvange bavutse inyuma y'inkino za Olympique zo mu 1980.
Madamu Pletnyova avuga ko abo bana "batawe" na ba se b'abanyamahanga.
"Si bibi cane igihe ba se bari mu bwoko bumwe," niko yavuze.
"Ariko iyo bari mu bundi bwoko, ivyo ni bibi.
"Abo bana baratabwa, bagasigarana gusa na ba nyina babo. Dukwiye kuvyara abana bacu."
'Iyamirize amacakubiri'?
Madamu Pletnyova yiyamirijwe cane ku mbuga hwaniro, abantu bakagereranya ivyo yavuze n'ibindi bitandukanye vyashikirijwe na Fifa yasaba igira iti "Ntimwemere iyamamaza ry'amacakubiri".
Uwushikiriza ibiganiro kuri radiyo Tayana Felgengauer yaneguye inyifato ya Madamu Pletnyova.
"Ndibaza ico Pletnyova yovuga igihe boba bamwibukije "Iyamirize amacakubiri," niko yavuze kuri Twitter.
Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.
Impera ya X ubutumwa
Mu bandi baneguye Madamu Pletnyova harimwo uwasavye ko "yokugwa muri Duma" (inama nshingamateka y'Uburusiya).
Hari n'abashigikiye Madamu Pletnyova bavuga ngo "dukwiye kuvyara abana b'abarusiya".
Uwundi nawe abaza ati: "Ni igiki kitumvikana muvyo yavuze?"
Uwundi ati: "Nibaza ko uwariwe wese akwiye guserura iciyumviro ciwe, n'umushingamateka Pletnyova arimwo."










