Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ibihano kuri Korea ya ruguru bizogumaho gushika ibigwanisho ruhonyanganda vyose bisambuwe
Nta gihano na kimwe kivanwaho kuri Korea ya ruguru gushika igihe yerekaniye ko yasambuye ibigwanisho vyose ruhonyanganda, nk'uko bivugwa n'umunyamabanga wa Amerika ajejwe imigenderanire Mike Pompeo.
Ivyo Pompeo yabivugiye mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Seoul ari kumwe na bagenzi we bo mu Buyapani na Korea y'epfo.
Abivuze inyuma y'imisi mike prezida Donald Trump na Kim Jong-un bahuriye muri Singapour mu mubonano w'akataraboneka.
Abo bategetsi babiri barashize umukono ku masezerano yo gunagura imigenderanire.
Kim kandi yarasubiye kwiyemeza gukora uko ashoboye "mu gusambura ibigwanisho vyose ruhonyanganda biri muri iryo zinga rya Korea".
Ariko haracari amakenga kuri ayo masezerano, aho abaraba ibintu n'ibindi bavuga ko abuze ido n'ido ry'ingene Korea ya ruguru izoheba umugambi wayo w'ibigwanisho ruhonyanganda n'ingene bizohinyuzwa.