Umwanditsi wo muri Nigeria yaronse agashimwe ka PEN Pinter

Chimamanda

Ahavuye isanamu, Alamy

Insiguro y'isanamu, Mu bitabo vya Chimamanda harimwo 'Half of a Yellow Sun' cantsindiye agashimwe 'Orange Prize'

Umwanditsi Chimamanda Ngozi Adichie yatsindiye PEN Pinter award, agashimwe gatangwa buri mwaka ku banditsi bo mu Bwongereza no mu bihugu vya Commonwealth vyigeze gutwarwa nabwo.

Ako gashimwe kitiriwe umwanditsi w'Umwongereza Harold Pinter, yigeze gutsindira agashimwe kitiriwe Nobel.

Gatangwa ku banditsi bakoze ku bintu bigaragaza ubuzima bwa minsi yose buri mw'isi, barimwo abatotejwe bazira kuvuga ukuri.

Harold Pinter

Ahavuye isanamu, None

Insiguro y'isanamu, Harold Pinter yashengeye mu 2008 afise imyaka 78

Chimamanda Ngozi Adichie, yanditse ibitabo birimwo 'Half A Yellow Sun', na 'Purple Hibiscus' yavuze ko ashima cane umuhisi Harold Pinter kubera 'umwete wo kuvuga ukuri kwiwe', akavuga ko ari iteka kuronka agashimwe kamwitiriwe.

Abatoranya abahabwa ako gashimwe bashimye Adichie ku buryo atahura ikibazo c'uburinganire hagati y'abantu b'igitsina gore n'abo igitsina gabo, ibibazo vy'ivangura rifatiye ku ruhu ndetse n'ikimanga hagati y'abakene n'abakire kw'isi.

Chimamanda Ngozi Adichie ari mu banditsi bakomakomeye bakundwa kuruta abandi muri Afrika.