Donald Trump na Kim Jong-un babonanye amaso mu yandi muri Singapour

US President Donald Trump (R) shakes hands with North Korea"s leader Kim Jong-un (L) as they sit down for their historic US-North Korea summit

Ahavuye isanamu, AFP

Umubonano w'akataraboneka hagati ya Prezida wa Amerika n'uwa Korea ya ruguru watanguye mu gihugu ca Singapour.

Abo bagabo babiri babanje kubonana iminota 38 nk'uko bimenyeshwa n'ibiro vy'umukuru w'igihugu ca Amerika, ari bonyene hamwe n'abasemuzi babo gusa.

Uwo mubonano watanguye abo bategetsi babiri baramukanya bariko baramwenyura baca baja mw'ihoteli ya Cappela, nk'intambwe ya mbere y'umubonano amaso mu yandi.

Trump yavuze ko, ko ari babiri bateye intambwe ishimishije kandi ko vuba haza kuba ibirori vyo gushira umukono ku vyo basezeranye.

Baganiriye ku nzira yo kugabanya imishamirano hagati ya Korea ya ruguru, iy'epfo na Amerika, hamwe kandi no kugabanya ibigwanisho ruhonyanganda.

Mu nyuma abo bakuru b'ibihugu babiri bashize umukono ku masezerano.

Uwo mubonano wari urindiranywe igishika wabereye mw'ihoteli ca Capella iri mw'izinga rikundwa n'ingenzi cane rya Sentosa.

Trump na Kim Jong-un bumvikanye iki?

Umumenyeshamakuru wa BBC yasiguye ibintu bine bikuru Trump na Kim bemeranije:

  • Amerika na Korea ya ruguru bazotangura imigenderanire mishasha nk'uko 'abanyagihugu b'ivyo bihugu bibiri bipfuza amahoro.
  • Amerika na Korea ya ruguru bizofashanya kwubaka no gukwiragiza amahoro arama muri Korea ya ruguru.
  • Gushira mu ngiro amasezerano ya Panmunjom yo mu kwezi kwa kane itariki 27 mu 2018, aho haba inama y'abakuru b'ibihugu vya Korea ya ruguru n'io epfo, ko Korea ya ruguru izofata ingingo yo gutuza burundu ibigwanisho ruhonyanganda ku butaka bwa Korea ya ruguru.
  • Amerika na Korea ya ruguru bumvikanye guhanahana abafatiwe mu ntambara n'ababuriwe irengero, hamwe n'ibiziga vyabo, hamwe kandi no guhanahana abapfungwa hamwe n'ibiziga vy'abamenyekanye.
Trump and Kim

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Ko ari babiri batembereye mw'ihoteli ya Capella, Singapore

Abo bagabo ko ari babiri bariko barinjira mu nama, bagaragaye bamwenyura, banaramukanya bahanye amaboko, hanyuma Kim Jong-un yafashe ku bitugu Trump hanyuma baca batangura kuganira bafashijwe n'abasemuzi.

Mu nyuma vyari vyitezwe ko abahanuzi n'abandi bategetsi batandukanye ko binjira kubandanya kuvugana ku kibazo c'ibigwanisho ruhonyanganda, ariko ntibiramenyekana ivyo bahava bumvikanako.

Avuga imbere y'uko uwo mubonano utangura, umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe mpuzamakungu Onu Antonio Guterres yavuze ko amakungu azotanga intererano yose ikenewe mu gushigikira uwo mubonano.

"Abo bategetsi babiri bariko baragerageza gushika ku mwumvikano ku matati yadutse mu mwaka uheze, amahoro hamwe n'ikibazo co guhagarika ibigwanisho ruhonyanganda bikaba biza imbere muvyo bavugana, nk'uko navyanditse mu kwezi guheze, hazokenerwa ugufashanya gukomeye kandi hazoba n'utugorane dutandukanye muri ayo masezerano, Amerika ikeneye kuzohagararira uko bigenda kose," ni ko Guterres yavuze.

Kim arrives at summit venue

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Kim ashitse kuri hoteli ya Capella,Sentosa

Uwahoze ari umukinyi w'umupira w'amaboko Basketball, Dennis Rodman yashitse muri Singapour mu gitondo c'uyu musi yitavye uwo mubonano.

Rodman ni umugenzi wa prezida wa Korea ya ruguru yavuze ko anezerewe kuza muri uyo mubonano w'akataraboneka.

Uyu mubonano ushobora kugira ico ushitseko

Imigenderanire hagati y'abo bagabo babiri yagiye iratituka mu mezi 18 aheze, aho batukanye banagabishanya ko bashobora guterana, imbere y'uko iyo migenderanire ifata iyindi nzira bafata ingingo yo kubonana amaso mu yandi.

Mkutano

Kubera iki iyi ntambwe ishitsweko ubu?

Umwaka wa mbere wa prezida Trump ari ku butegetsi waranzwe n'ukurabana ribi bikomeye no guterana amajambo mu gihe Kim na we yabandanya kugerageza ibisase ruhonyanganda no kurenga ku ngingo z'amakungu.

Prezida wa Amerika yariyemeje guhangana na Korea ya ruguru mu gihe yobandanya kubangamira Amerika, bose ari nako bitana amazina yo gutukana.

Korea yaa ruguru yabandije kugarariza no kugerageza ibigwanisho vy'ubumara ubugira gatanndatu mu kwezi kw'icenda mu 2017.

Mu nyuma Kim yamenyesheje ko igihugu ciwe cashoboye kuba mu bifise ibigwanisho ruhonyanganda, mu kugira ibisase bishobora gutera mu gihugu ca Amerika.

Ariko mu ntango za 2018, Korea ya ruguru yaratanguye kugiriranira imigenderanire myiza na Korea y'epfo mu kurungika umugwi w'abanonotsi mu nkino za Olempike mu gisagara ca Pyeongchang.

Mu kwezi kwa gatatu, Donald Trump yaratangaje amakungu mu kwemera akamo yatewe na Kim ko guhura amaso mu yandi.

Kuva ico gihe, umugambi wo kuja muri ivyo biganiro wahuye n'ibibazo vyinshi, aho Trump yigeze guhakana kuzobijamwo, ariko ubu abo bakuru b'ibihugu baricaye hamwe.

Singapour ni ighugu ca gatatu Kim Jong-un agendeye kuva agiye ku butegetsi mu 2011.

Urugendo rwiwe rwa mbere yarugize mu Bushinwa mu kwezi kwa gatatu, hanyuma mu kwezi kwa kane aba umutegetsi wa mbere wa Korea ya ruguru agiye muri Korea y'epfo aho yabonanye na mugenzi we Moon Jae-in.