Korea ya ruguru ngo ishobora kutaja mu nama ya Trump

Umufasha akomeye wa Prezida wa Korea yepfo yagabishije ko Amerika itazokwemera ko Korea ya ruguru yiha ikiringo kirekire co guhagarika umugambi wayo wa "nucléaire" yibaza ko ica ikurigwaho ibihano.
Moon Chung-in, umuhanuzi w'indongozi ya Korea yepfo Moon Jae-in mu vy'umutekano, yavuze mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Tokyo ko indongozi ya Korea ya ruguru, Kim Jong-un akwiye kwitegura kurekura ikintu gifadika igihe azohura na Donald Trump mu nama itegekanywa mu kwezi kuza.
Amajambo ya Bwana Moon yerekana kw'ibiganiro vyo muri Singapour bishobora kuba impfagusa.
Mu kwezi kwa gatatu, abategetsi b'igihugu c'Ubushinwa basubiyemwo ivyavuzwe na Kim Jong-un, aho yamenyesheje ko uguhagarika ibikorwa vya "nucléaire" bidakwiye gukorwa ku ngunga imwe, ahubwo ko vyoba mu mice mu kubungabunga amahoro.

Ahavuye isanamu, Reuters
Mu misi iheze igihugu ca Korea ya ruguru carerekanye ko cipfuza ko imigenderanire ya Korea ya ruguru na Amerika yosubira mu buryo mu kubohora abanyamerika batatu bari bagizwe imbohe.
Ivyo vyashobotse mu rugendo umushikiranganji w'imigenderanire ya Amerika n'amakungu Mike Pompeo yagiyemwo muri Korea ya ruguru, aho yabonanye n'indongozi y'ico gihugu Kim Jong-un, baganira no ku nama yimirije.






