Umutegetsi akomeye wa Korea ya Ruguru yabonanye na Pompeo

Ahavuye isanamu, AFP
Somambike wa prezida wa Korea ya ruguru Kim Jong-un yabonanye n'umunyamabanga wa reta ajejwe imigenderanire wa Amerika Mike Pompeo i New York kugira bategurire hamwe umubonano hagati y'ivyo bihugu bibiri.
Gen Kim Yong-chol yasangiye na Pompeo avuye mu Bushinwa, kandi bitegekanijwe ko basubira kubonana kandi ku musi wa kabiri.
Ni we mutegetsi wa mbere akomeye wo muri Korea ya ruguru agendeye Amerika mu myaka yababa 20.
Prezida wa Amerika yari yahevye uwo mubonano utegekanijwe itariki 12 z'ukwezi kwa gatandatu, ariko kuva ico gihe impande zose ziriko ziragira utwigoro kugira ube nk'uko vyari biteguwe.
Uwo mubonano utegekanijwe kubera muri Singapour, uwo mubonano wakataraboneka hagati ya Trump na Kim Jong-un ushobora kuba uwa mbere uhuje umuprezida wa Amerika akiri ku butegetsi na Korea ya ruguru.
Tuzi iki kuri uwo mubonano wa mbere?

Ahavuye isanamu, AFP
Ku musi wa gatatu ku mugoroba, Pompeo na Gen Kim bashitse umwe wese ukwiwe mu nzu yegereye icicaro ca Onu.
Mu nyuma Pompeo yanditse kuri Twitter:" Ibikorwa vyiza turiko turasangira na Kim Yong-chol mw'ijoro i New York. Inyama, ibigori na fromage ni vyo twasangiye."
Imbere y'uko uwo mubonano uba, Pompeo yamenyesheje aho Amerika ihagaze.










