Korea ya ruguru iti "va ku birwanisho ruhonyanganda vyacu"

Korea ya ruguru ivuga ko itizera ko umubonano wo mu kwezi kuza hagati y'umurongozi wayo Kim Jong-un n'uwa Amerika, Donald Trump, uzoba nk'uko bitegekanijwe.
Ico gihugu cagabishije yuko gishobora gusivya ivyo biganiro, Amerika yonyene niyabandanya igisaba guheba ibirwanisho vyaco ruhonyanganda.
Icegera ca mbere c'umushikiranganji ajejwe imigenderanire, Kim Kye Gwan, yavuze ko Korea ya ruguru yatomoye neza ko Amerika itegerezwa guhagarika akagagazo kayo, imbere y'uko guheba ivyo birwanisho biganirwako.
Kare Korea ya ruguru yiyamirije yivuye inyuma igikorwa casubiriye kuwa Mungu, c'imyimenyerezo ya gisirikare hagati ya Korea y'epfo na Amerika, kandi ica ihagarika ibiganiro vyo muri ino ndwi na Seoul.
Leta Zunze Ubumwe za Amerika zivuga ko iyo myimenyerezo ya gisirikare isanzwe ngo kandi izobandanya gutegura inama idasanzwe yo mu kwezi kuza.






