Inama ya Trump na Kim Jong-un izobera muri Singapour

Prezida Donald Trump wa Amerika azohurira n'indongozi ya Korea ya ruguru Kim Jong-un mu gihugu ca Singapour, itariki 12 z'ukwezi kwa gatandatu, niko yavuze.
Mu kwezi kwa kane, Bwana Trump yaratangaje amakungu mu kwemera ubutumire bwo guhura na Bwana Kim.
Abo bantu ukwo ari babiri barigeze guhana imikomo, bongera baranagabishanya.
Bwana Trump ashikirije ivyo haheze amasaha asanganiye abanyamerika batatu bari bapfungiwe muri Korea ya ruguru.
Ibohogwa ryabo ryashitsweko mu rugendo rw'umushikiranganji w'imigenderanire ya Amerika n'amakungu Mike Pompeo, aho yaragiye gutegura ivy'umubonano wa Bwana Trump na Kim Jong-un.

Igihugu ca Singapour carigeze gukoreshwa mu nama zikomeye zo ku rwego rwo hejuru.
Mu 2015 indongozi z'Ubushinwa na Taiwan zarahakoreye ibiganiro vyagiye mu mateka, ubwa mbere mu myaka 60 yari irangiye.
Ibihugu vya Amerika na Singapour bifitaniye imigenderanire ikomeye, mu gihe Singapour isanzwe icuditse na Korea ya ruguru ariko ikaba yarahagaritse gukorana n'ico gihugu mu vy'ubudandaji mu kwezi kwa 11 bitewe n'ibihano ico gihugu cafatiwe.










