Trump yasanganiye abanyororo barekuwe na Korea ya ruguru

Prezida Donald Trump wa Amerika yigiriye ubwiwe gusanganira abanyororo batatu baheruka kurekugwa n'igihugu ca Korea ya ruguru.
Avugana n'abamenyeshamakuru ku kibuga c'indege za gisirikare Andrews Air Force Base, Bwana Trump yavuze ko Kim Hak-song, Tony Kim na Kim Dong-chul ari "abantu b'igitangaza"; ngo vyari bikwiye kugira ico afasha ngo bapfungugwe.
Babiri muri abo bagabo bigisha kuri kaminuza yatangujwe n'abakirisu muri Korea ya ruguru, uwa gatatu nawe ni umupasitori.
Barekuwe igihe c'urugendo rw'umushikiranganji w'imigenderanire ya Amerika n'amakungu, Mike Pompeo, i Pyongyang aho yariko araheraheza integuro y'inama itegekanijwe hagati ya Bwana Trump n'indongozi ya Korea ya ruguru Kim Jong-un.

Ahavuye isanamu, Reuters
Kim Hak-song, Tony Kim na Kim Dong-chul bari bapfunzwe bagirizwa ibikogwa bigwanya igihugu, bashigwa mu makambi y'abakoreshwa.
Bwana Trump yatangaje irekugwa ry'abo bagabo ku buryo bwa Twitter ku munsi wa gatatu.










